Ghana: Umuriro wahitanya amajana i Accra
Muri Ghana hari gukorwa ibikorwa by'ubutabazi nyuma yaho abantu bagera mu majana bari bagiye kwugama imvura y'umuvumbi, bahitanywe n'umuriro waturitse kuri station bagurishirizaho ibitoro.
Igipolisi cyagose aho hantu mu murwa mukuru wa Accra, na n'ubu kiracyagerageza kumenya neza umubare w'abapfuye.
Iyo mpanuka yabaye ejo kuwa gatatu, yatewe n'imvura nyinshi yaguye mu murwa mukuru ituma ahantu henshi huzura imyuzure.
Abantu birukaga mu mihanda bambaye imyenda yo kurarana, inzu zabo n'amamodoka yabo byatwawe n'imyuzure.
Abantu babarirwa mu majana babuze uko bava mu mazu bakoreramo utuzi.
Umukuru w'igihugu John Mahama yavuze ko iki ari igihombo cy'akaga.