Cote d'Ivoire muri finale ya CAN

Cote d'Ivoire yashitse muri finale itsinze RDC 3-1

Ahavuye isanamu, none

Insiguro y'isanamu, Cote d'Ivoire yashitse muri finale itsinze RDC 3-1

Cote d'Ivoire yaraye ishitse mu gice ca nyuma c'igikombe ca Africa mu mupira w'amaguru CAN mu myaka icenda nyuma yo gutsinda Republika Iharanira Democrasi ya Congo RDC.

Cote d'Ivoire niyo yatanguye kwinjiza na coup franc ivuye ku metero hafi 20 ya Yaya Toure ariko mu nyuma Dieumerci Mbokani aca aranganya ateye penalty ivuye kuri Eric Bailly akoze ku mupira.

Gervihno yagiye yinjije ikigira kabiri ca Cote d'Ivoire imbere y'uko igice ca mbere c'urukini kirangira.

Igitsindo ca gatatu cinjijwe na Wilfried Kanon.

Cote d'Ivoire yatsinzwe kabiri mu rukino rwa nyuma mu 2006 na 2012, ikaba itarashobora kwongera gutwara ikindi gikombe ca Africa imaze gutwara rimwe gusa mu 1992.

Mu rukino rwa nyuma, Cote d'Ivoire izohura n'utsinda kuri uyu wa kane hagati ya Guinee Equatoriale na Ghana.