Michel Kafando yasubiranye ubutegetsi muri Burkina Faso

Michel Kafando

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Michel Kafando avuga ko yasubiye mu kazi k'umukuru w'igihugu mfatakibanza

Umukuru w'igihugu mfatakibanza wa Burkina Faso, Michel Kafando, yagizwe imbohe mu ndwi iheze mw'itembagazwa ry'ubutegetsi, yasubiye ku murimo.

Bwana Kafando yabwiye abamenyeshamakuru ko yanasubijeko leta mfatakibanza.

Ejo mw'ijoro abatembagaje ubutegetsi bagiranye amasezerano n'igisirikare ca leta.

Muri ayo masezerano, urwego rurinda umukuru w'igihugu, rwo rwatembagaje ubutegetsi bw'abasivile, ruzosubira mu bigo vyarwo vya gisirikare, nayo abasirikare ba leta bave ku murwa mukuru Ouagadougou.

Abakuru b'ibihugu vya Afrika batari bake bashitse muri Burkina Faso ngo bahagarikire ukubisikana.