Ubwato bw'abimukira bwarohamye hafi ya Libya

Abimukira bakunze gupakirwa ari benshi cane

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abimukira bakunze gupakirwa ari benshi cane

Yavuze ko ubwo bwato bwoba bwubamye kubera abarimwo bagiye ku ruhande rumwe, babonye ubwato buje kubatabara bwegereje.

Abagereranywa mu 150 baramaze gutabarwa bakurwa mu mazi, ariko hari ubwoba ko benshi boba basomye nturi.

Ubwo bwato bw'uburovyi bwagize ikibazo kubera ikirere kibi bukiri kuri km 25 uva ku rubibe rwa Libya, butanga ikimenyetso co gutabaza, cashikiriye izinga rya Sicile.

Amato menshi ndetse na kajugujugu vyagiye vyihuta muri ako gace.