Ikiziga ca Mandela cashitse i Qunu

Ikiziga ca Mandela gishitse i Qunu
Insiguro y'isanamu, Ikiziga ca Mandela gishitse i Qunu

Ikiziga ca Nelson Mandela cashitse mu kigwati ca Qunu aho yakuriye, akaba ari naho azoshingurwa ejo kuwa Mungu.

Isinzi ry'abantu bavuza impundu bari basidukanye n'iyonka baje kuraba urukurikirane rw'imiduga yari iherekeje umuhisi ku kibuga c'indege ca Mthatha mu ntara ya Eastern Cape, ajanywe aho azoruhukira ubwa nyuma.

Abantu ibihumbi bari bakikuje ibarabara ngo bakubite ijisho isandugu yarimwo ikiziga ca Mandela, mu muduga wari uherekejwe n'imiduga y'igisirikare hamwe n'amapikipiki y'igipolisi.

Umunyamakuru wa BBC yari ahari yavuze ko vyasa nk'uko abanyagihugu b'i Eastern Cape bari bahindutse umuntu umwe ahagararanye icubahiro yakira Nelson Mandela muhira.

Kare ikiziga ca Mandela cakuwe ku murwa mukuru Pretoria, aho yari amaze iminsi itatu bamwunamira.