Itembagazwa ry'ubutegetsi mu Burundi: uko biriko biragenda

Gushika ubu ntibiramenyekana uwuramutswa igihugu mu Burundi

Ahavuye isanamu,

Insiguro y'isanamu, Gushika ubu ntibiramenyekana uwuramutswa igihugu mu Burundi

Nyuma y'aho General Godefroid Niyombare atangarije ko atembagaje ubutegetsi bwa Prezida Pierre Nkurunziza ejo, gushika ubu ntibiramenyekana uwuramutswa igihugu. Uku niko biriko biragenda uno munsi itariki 14/05/2015.

19:50 Ibiro vy'umukuru w'igihugu w'u Burundi, Pierre Nkurunziza, bimenyesha ko bwana Nkurunziza yashitse mu Burundi.

19:00 Abasirikare bashigikiye umukuru w'igihugu, Pierre Nkurunziza, bavuga ko ubu ari bo bagenze ibice bikomakomeye vy'umurwa mukuru Bujumbura.

15:50 Igitangazamakuru co mu Bufaransa, RFI, kivuga ko abasirikare batatu basize ubuzimwa mw'itana mu mitwe ry'uno munsi.

17:08: Abasirikare bashigikiye Prezida Pierre Nkurunziza nibo bagenzura RTNB, bakavuga ko abo bari bahanganye bahunze. Aya makuru aracatohozwa.

15:30 Abashigikiye Prezida Pierre Nkurunziza nibo bagenzura RTNB, bakaba bacishije ubutumwa kuri iyo radio.

14:52 Ibiro bitara amakuru, Reuters, bivuga ko abashigikiye Prezida Nkurunziza ari bo bagenzura RTNB.

14:38 Nyuma y'imirwano ikomeye kuri radio y'igihugu RTNB, bivugwa ko iyo radiyo yasubiye gukora ariko amakuru y'uwuyigenzura ntahurizwako na bose. Turacatohoza.

13:18 Imirwano irabandanya kuri radio y'igihugu, RTNB, amakuru amenyekanye ubu nyene agitohozwa, ni uko radio RTNB ishobora kuba yafashwe n'abagerageza gutembagaza ubutegetsi.

12:22 Uwuserukiye u Burundi muri Afrika y'epfo, Isai Ntirizoshira yemeza ko Prezida Pierre Nkurunziza ari i Dar es Salaam, nayo umushikiranji w'imigenderanire avuga ko ibintu i Bujumbura babigenuza ngo kandi umukuru w'igihugu ashobora gutahuka i Bujumbura umwanya uwo ari wo wose.

Ikarata y'umuji wa Bujumbura

Ahavuye isanamu, BBC World Service

Insiguro y'isanamu, Ikarata y'umuji wa Bujumbura

12:00 Inkoho hamwe n'ibisasu vya muzinga biriko burumvikana hafi ya radio y'igihugu RTNB, ku murwa mukuru Bujubumbura.