Itembagazwa ry'ubutegetsi mu Burundi: uko biriko biragenda
Nyuma y'aho General Godefroid Niyombare atangarije ko atembagaje ubutegetsi bwa Prezida Pierre Nkurunziza ejo, gushika ubu ntibiramenyekana uwuramutswa igihugu. Uku niko biriko biragenda uno munsi itariki 14/05/2015.
19:50 Ibiro vy'umukuru w'igihugu w'u Burundi, Pierre Nkurunziza, bimenyesha ko bwana Nkurunziza yashitse mu Burundi.
19:00 Abasirikare bashigikiye umukuru w'igihugu, Pierre Nkurunziza, bavuga ko ubu ari bo bagenze ibice bikomakomeye vy'umurwa mukuru Bujumbura.
15:50 Igitangazamakuru co mu Bufaransa, RFI, kivuga ko abasirikare batatu basize ubuzimwa mw'itana mu mitwe ry'uno munsi.
17:08: Abasirikare bashigikiye Prezida Pierre Nkurunziza nibo bagenzura RTNB, bakavuga ko abo bari bahanganye bahunze. Aya makuru aracatohozwa.
15:30 Abashigikiye Prezida Pierre Nkurunziza nibo bagenzura RTNB, bakaba bacishije ubutumwa kuri iyo radio.
14:52 Ibiro bitara amakuru, Reuters, bivuga ko abashigikiye Prezida Nkurunziza ari bo bagenzura RTNB.
14:38 Nyuma y'imirwano ikomeye kuri radio y'igihugu RTNB, bivugwa ko iyo radiyo yasubiye gukora ariko amakuru y'uwuyigenzura ntahurizwako na bose. Turacatohoza.
13:18 Imirwano irabandanya kuri radio y'igihugu, RTNB, amakuru amenyekanye ubu nyene agitohozwa, ni uko radio RTNB ishobora kuba yafashwe n'abagerageza gutembagaza ubutegetsi.
12:22 Uwuserukiye u Burundi muri Afrika y'epfo, Isai Ntirizoshira yemeza ko Prezida Pierre Nkurunziza ari i Dar es Salaam, nayo umushikiranji w'imigenderanire avuga ko ibintu i Bujumbura babigenuza ngo kandi umukuru w'igihugu ashobora gutahuka i Bujumbura umwanya uwo ari wo wose.
12:00 Inkoho hamwe n'ibisasu vya muzinga biriko burumvikana hafi ya radio y'igihugu RTNB, ku murwa mukuru Bujubumbura.