Gen Buhari yatsinze amatora muri Nigeria

Nigeria

Ahavuye isanamu, afp

Insiguro y'isanamu, Abenye Nigeria bishimiye cane intsinzi ya Buhari na cane cane mu buraruko

Uwatsinze amatora muri Nigeria, Muhammadu Buhari, avuga ko intsinzi yiwe kwabaye gutora amahinduka kandi nk'ikimenyetso ko igihugu cashitse neza muri demokrasi.

Buhari yanahayagije prezida yahahora Goodluck Jonathan nk'uhiganwa abikwiye yemeye mu mahoro kuva ku butegetsi.

Gen Buhari yatsinze ku majwi miliyoni 15,4 kuri miliyoni 12,9 za Jonathan.

Abarorerezi muri rusangi barashimye ingene amatora yagenze n'ubwo havuzwe ko hari aho habaye ubusuma.

Umugambwe wiwe uvuga ko prezida Goodluck Jonthan yamuhamagaye kuri telephone kugira yemere ko yatsinzwe kandi amukeze.

Iki n'ikintu gikomeye cane mu mateka ya Nigeria. Nta na rimwe umukuru w'igihugu ahasanzwe yari bwatsindwe amatora ubu bikaba ari nk'uko Nigeria irenganye ikorosi.

Kuva Nigeria yikukira ku Bwongereza mu 1960 habaye gutembagza ubutegetsi akatari gake.

General Muhammadu Buhari

Ahavuye isanamu, Getty

Insiguro y'isanamu, General Muhammadu Buhari

Buhari wo mu mugambwe All Progressive Congress(APC) abaye uwa mbere atavuga rumwe n'ubutegetsi atsinze amatora y'umukuru w'igihugu muri Nigeria.

Yabwiye abamushigikiye muri APC ko baretse amakungu ko ''turi abantu bashitse muri demokrasi. Dushize intwaro y'umugambwe umwe muri kahise''.

Ku wa kabiri , Jonathan yavuze mw'itangazo ati:''nemereye igihugu amatora yisanzuye kandi atawe arenganije, ivyo nemeye navyubahirije''

Aya matora yagira kane Buhari w'imyaka 72 , yari ahiganyemwo.

Yaronse abamushigikira cane mu buraruko, na cane cane mu buraruko bushira ubuseruko, ibice vy'igihugu bimaze imyaka 6 biri mu ntambara yatewe n'intagondwa za Islam za Boko Haram.

Uwo muhari umaze kwica abantu ibihumbi mu ntanbara yayo yo gushinga igihugu kigendera ku mategeko ya Islam.

Nigeria

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, General Buhari yatsinze ku majwi miliyoni 15,4 kuri miliyoni 12,9 za Jonathan

Abantu benshi bagirije prezida Goodluck Jonathan kudashira inguvu zikwiye mu kurwanya Boko Haram, bakaba bizigiye ko Gen Buhari ashobora kubishikako kumurusha.

Ayo matoya yasibijwe ukwezi kugira ingabo za leta zibanze zigarure ibice vyari vyafashwe na Boko Haram.

Uwo yigeze kuba umukuru w'igihugu w'umusirikare yaronse 94% y'amajwi mu ntara igeramniwe na Boko Haram kurusha izindi, Borno.