80 bamaze gufatwa ku mpamvu z'umutekano mu Rwanda, uwuvuga ko umubyeyi we yafashwe yavuganye na BBC

80 bamaze gufatwa ku mpamvu z'umutekano mu Rwanda, uwuvuga ko umubyeyi we yafashwe yavuganye na BBC

Mu Rwanda haravugwa abantu bamaze iminsi bafatwa na cane cane mu bumanuko bw'igihugu nka za Muhanga na Kamonyi, hagize igihe hagabwa ibitero n'abantu bitwaje ibigwanisho.

Ikinyamakuru cegereye leta, Igihe.com, kivuga ko hafashwe abantu barenga 80.

Ariko uretse n'aho mu majepfo, biravugwa ko hari n'abafashwe muri Musanze, ho ni mu ntara y'uburaruko bw'u Rwanda.

Uwitwa Pascal Manirakiza aba muri Suede, yarondoye BBC avuga ko atazi irengero rya se wiwe Ndagiye Mathias na muramuwe Birahira Phocas, bivugwa ko bafashwe mw'ijoro ryo kuwa gatandatu n'abajejwe umutekano.

Yabwiye Prime Ndikumagenge wa BBC ingene vyagenze .

BBC iracagerageza kumenya ico abategetsi b'u Rwanda babivugako.