Zelensky na Trump mu kiyago gikomeye i Vatikano

Amasanamu yerekana Perezida  Donald Trump wa Amerika na Volodymyr Zelensky wa Ukraine bicaye, ubwenge bwose buri mu kiyago hagati muri Bazilika yitiriwe Petero Mweranda

Ahavuye isanamu, Andriy Yermak/Telegram

Insiguro y'isanamu, Amasanamu yerekana Perezida Donald Trump wa Amerika na Volodymyr Zelensky wa Ukraine bicaye, ubwenge bwose buri mu kiyago hagati muri Bazilika yitiriwe Petero Mweranda

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine na Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika babonaniye muri Bazilika yitiriwe Petero Mweranda imbere y'ibirori vyo gushingura Papa Fransisko.

Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunzre Ubumwe za Amerika) ivuga ko uno mubonano wamaze iminota 15 wabaye "ngirakamaro cane", mu nyuma Zelensky na we akaba yavuze ko baganiriye vyinshi.

Trump na Zelensky bafashwe isanamu bicaranye, bari mu kiyago gikomeye, bashimitse, hasigaye iminota mike ngo ibirori bitangure.

Uno mubonano ubaye inyuma y'umusi umwe Trump avuze ko Uburusiya na Ukraine "biri hafi cane yo gushika ku masezerano", inyuma y'ibiganiro hagati y'intumwa yiwe Steve Witkoff na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya i Moscou ejo ku wa gatanu.

Igihe yasohora ifoto ya Zelensky yicaranye na Trump, umukuru w'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Ukraine Andriy Yermak yongeyeko ati " Ikiganiro cubaka".

Aba bategetsi babiri ntibari bwigere bahura kuva wa musi baterana amajambo muri Maison Blanche mu mpera za Ruhuhuma (2), igihe Trump yabwira Zelensky ati "nta ntambara uriko uratsinda kandi nta yandi mahitamwo ufise".

Yarasubiyemwo aya majambo muri ino ndwi, avuga ko uno mukuru w'igihugu ca Ukraine "ata yandi mahitamwo afise".

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza  Sir Keir Starmer na Perezida  Emmanuel Macron w'Ubufaransa bavuganye na Trump na  Zelensky muri Bazilika

Ahavuye isanamu, Andriy Yermak/Telegram

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer na Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa bavuganye na Trump na Zelensky muri Bazilika
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iyi sanamu y'aba bagabo babiri yerekana Trump na Zelensky bicaranye barabana mu maso, mu kiyago aho bariko bavugana biboneka ko bashimitse cane, icerekana uburemere bw'ivyo bariko baravugana.

Iyindi sanamu yasohowe n'intumwa za Ukraine zari imbere muri Bazilika yitiriwe Petero Mweranda yerekana aba bagabo babiri bahagararanye na Sir Keir Starmer, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, na Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa, ikiganza ciwe ku rutugu rwa Zelensky.

Ibi bigasigura ko umushikiranganji wa mbere n'umukuru w'igihugu c'Ubufaransa bari bafashije mu guhuza aba bategetsi, mu gihe bari barindiriye ko ibirori bitangura.

Steven Cheung ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche yavuze ko mu mwanya uri imbere baza gushira ahabona ivyo Trump na Zelensky bavuganiye mu gisagara ca Vatikano.

Inyuma y'uno mubonano, aba bagabo bompi baciye baja gufata ivyicaro vyabo muri bazilika kandi bari bicaye ku murongo umwe, kandi ntibari kure na kure.

Mu nsiguro ziwe, Kardinali Giovanni Battista Re yayoboye imisa yagarutse ku kungene Papa Fransisko atahengeshanya gusaba amahoro. "'Mwubake ibiraro, aho kwubaka impome' yamye ari amajambo yagumye asubiramwo incuro nyinshi", niko uno mukardinali yavuze.

Abategetsi ba Ukraine bari bavuze ko bari gusubira kubonana ariko haciye akanya indege ya Trump yaciye iva i Roma.

Zelensky yanditse ku mbuga hwaniro ko bagiriraniye "umubonano mwiza. Twavuganye vyinshi amaso mu yandi", aho yongerako ko yizeye ivyo bavuganye vyose bizovamwo ibintu vyiza.

Intumwa ya Trump Witkoff yavuye i Moscou ejo ku wa gatanu arangije urugendo rwari rugize kane yari agize mu Burusiya kuva mu ntango z'uno mwaka, inyuma y'ibiganiro vy'amasaha atatu Putin n'umuhnuzi wiwe Yuri Ushakov bavuze mu nyuma ko vyabaye "ngirakamaro cane".

Ushakov yongeyeko kandi ko vyatumye "Uburusiya na Amerika biyaga bishira hamwe, atari ku bijanye na Ukraine gusa, ariko no ku bindi bibazo mpuzamakungu" aho "bavuganye ku bijanye n'ukungene intumwa z'Uburusiya n'iza Ukraine zosubira kuganira mu buryo butaziguye".

Zelensky na Trump

Ahavuye isanamu, Andriy Yermak/Telegram

Ukraine imaze igihe iterwa igitsure na Trump ayihatira kwemera guheba ubutaka, nka kimwe mu vyoba biri mu masezerano yo kurangiza intambara.

Ubu butaka Ukraine yoheba bivugwa ko bwoba burimwo guheba uturere tutari duto, harimwo n'akarere ka Crimée/Crimea kihagiwe n'Uburusiya mu 2014.

Zelensky abandanya yamirira kure iki ciyumviro. Yabwiye BBC ejo ku wa gatanu ko ari ngombwa ko "intambara ihagarara burundu kandi ata kirinze gusabwa kugira ngo ibintu vyose biganirweko".