Intambara ya Ukraine: Ijoro rya mbere ry'agahengwe ka Putin, nta gitero ca drone c'Uburusiya

Hagati aho, Ukraine ivuga ko Uburusiya bwarashe ibibasu vya misire mu ntara ya Sumy

Ahavuye isanamu, t.me/dsns_telegram

Insiguro y'isanamu, Hagati aho, Ukraine ivuga ko Uburusiya bwarashe ibibasu vya misire mu ntara ya Sumy

Ijoro rya mbere ry'agahengwe k'imisi itatu katangajwe na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya rirarenganye ata gitero ca za ndege zitajamwo abadereva (drone) mu kirere ca Ukraine.

Aka gahengwe katangajwe na Putin ku wa 28 Ndamukiza (4) kazobandanya gushika ku wa 10 Rusama (5), nubwo ata biganiro yabanje kugira na Ukraine, Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ikaba yavuze gusa ngo Kyiv "itegerezwa gukurikiza" aka karorero.

Ni mu ntumbero yo kwigina Umusi w'Intsinzi, ibirori bitegekanijwe ejo ku wa 9 Rusama, Uburusiya bukavuga ko bizokwitabirwa n'abategetsi mpuzamakungu batari bake.

Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) ivuga ko agahengwe k'imisi itatu ataco kamaze, igasaba ko intambara zihagarara mu kiringo c'imisi 30.

Imbere y'aha, Putin yari yatangaje agahengwe ka Pasika k'amasaha 30, ariko nticabujije ko haba ibitero, nubwo ubukana bwavyo bwari bwagabanutse.

Nubwo Putin yatangaje aka gahengwe kategerezwa gutangura isaha zitandatu z'ijoro ryakeye, amakuru ava muri Ukraine aravuga igitero ca bombe mu ntara ra Sumy. Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere gitangaza ko Uburusiya bwarashe ibibombe muri iyo ntara mu bucagucagu bw'uno musi, isaha icenda zibura iminota 15.

Ku ruhande rwa Ukraine, nta bitero vy'amadrone bivugwa muri iri joro ryakeye, inyuma y'amajoro yari imaze idatezurira ikirere c'Uburusiya, aho abategetsi babwo bavuga ko bakoroye ayaharurwa mu majana yari agamije Moscou n'utundi turere tw'Uburusiya.

Ku muhingamo w'ejo ku wa gatatu, ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwasohoye itangazo aho bwavuze ko igisirikare kirwanira mu kirere cakoroye amadrone 524 ya Ukraine n'ibibombe vy'ubwoko butandukanye mu masaha 24 yonyene.

Ryagira riti: "Igisirikare kirwanira mu kirere casambuye ibisasu bitanu vya misire vyo mu bwoko bwa Neptune biraswa kure, ibibombe bitandatu vyo mu bwoko bwa JDAM be n'ibisasu bibiri vya muzinga vyo mu bwoko bwa HIMARS bihingurirwa muri Amerika, hamwe rero n'indege zitajamwo abadereva 524".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iki ni co gitigiri ca mbere kinini c'izi ndege Uburusiya butangaje ko bwasamburiye mu kirere mu kiringo gito nk'iki, mu gihe ryari ribaye ijoro rya gatatu Ukraine yari imaze yikurikiranya mu bitero vy'amadrone yarungika i Moscou, aho ibinyamakuru vyatangaje ko ibikorwa ku bibuga vy'indege vya Moscou n'ahandi vyari vyahagaze kubera ingendo z'indege zari zahagaritswe.

Ingenzi nibura 60.000 ni zo zagiye mu kangaratete ku bibuga vy'indege bitandukanye vy'Uburusiya kubera ibi bitero vy'amadrone vya Ukraine, nk'uko vyatangajwe n'abategetsi.

Ishirahamwe ryo mu Burusiya rikurikirana ibijanye na ba mukerarugendo (Ator) rivuga ko kuva ku mugoroba wo ku wa kabiri ingendo z'indege 350 ari zo zagizweko ingaruka n'ibi bitero mu bisagara vya Moscow, St Petersburg, Sochi n'ibindi bitari bike.

Ator ivuga ko ibibuga vy'indege bitatu vya Moscou - Vnukovo, Sheremetyevo na Domodedovo – vyononekaye, ivyatumye ingendo 110 kuri uno mugwa mukuru zifutwa.

Umukuru w'igisagara ca Moscou Sergei Sobyanin yavuze ko amadrone 19 ari yo yarasiwe hafi y'igisagara kuva ku mugoroba wo ku wa kabiri.

Muri Saint Petersburg, igisagara kigira kabiri mu Burusiya, ingendo 55 z'indege 55 zarahagaritswe canke zirarindirizwa.

Ku kibuga c'indege c'igisagara ca Pulkovo, amashusho yerekanye umurongo w'indege zari zazibiriwe mu nzira y'ikibuga c'indege zihagurukirako canke zururukirako igihe zari zishitse. Bivugwa ko ingenzi zarindirijwe amasaha atari make kugira ngo zishobore kugenda.

Ibibuga vy'indege vyo mu bindi bisagara bitari bike harimwo Sochi, Kazan, Kirov na Nizhnekamsk navyo nyene vyatangaje ko habaye ingorane mu ngendo z'indege.

Ibi vyabaye mu gihe Moscou yiteze kwakira abategetsi batari bake bazokwitabira ibirori vyo guhimbaza isabukuru igira 80 y'intsinzi y'Uburusiya ku ba Nazi vyitezwe ejo ku wa 9 Rusama, mu ntambara ya Kabiri y'isi yose, harimwo na Perezida Xi Jinping w'Ubushinwa yamaze gushika i Moscou.

Indege yari ireruye umukuru w'igihugu ca Serbia Aleksandar Vucic yatera aja i Moscou vyabaye ngombwa ko yururukira vyihuta ku mugwa mukuru wa Azerbaijan, Baku, kubera ibi bitero vya Ukraine, nk'uko bivugwa n'abategetsi b'iki gihugu.

Mu nyuma yahavuye ibandanya urugendo iramushikana i Moscou. Bivugwa ko ibihugu bibiri vya Baltique, Lithuania na Lettonie, vyari vyamwankiye guca hejuru y'ikirere cavyo. Ibi ni ibihugu vyahoze bigize icahoze kizwi nka Reta Zunze Ubumwe z'Abasoviyeti (URSS/USSR) vyagiye kwikukira Ubumwe bw'Abasoviyeti busambutse inyuma ya 1990, ubu bikaba bidacana uwaka n'Uburusiya.

Umushikiranganji wa mbere wa Slovakia Robert Fico bivugwa ko ari we mutegetsi wenyene w'Ubumwe bwa Bulaya ategekanya kwitaba ibi birori vy'Uburusiya, yidoga ko reta ya Estonia yamwankiye guca mu kirere cayo, ivyo avuga ko vyagize ingaruka mbi ku nteguro ziwe.

Reta ya Estonia ivuga ko itarota yifatanya na Moscou muri ibi birori, ikanasaba ishimitse ibihugu bigenzi vyayo biri mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya kutitabira ibi birori vy'Uburusiya "vyo kwiyereka".

Uburusiya buvuga ko indongozi z'ibihugu 27 zitezwe i Moscou muri ibi birori, aho n'umukuru w'igihugu ca Brezili, Luiz Inácio Lula da Silva, be n'uwa Venezuela, Nicolas Maduro, bamaze gushikayo.

Hagati aho, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine atera akamo incuti "kwongereza igitsure ku Burusiya" inyuma y'igitero kuri Kyiv cahitanye umugore n'umwana wiwe w'umuhungu.

Mu ntango z'uku kwezi, Zelensky yagabishije ko Ukraine idashobora kwizeza umutekano ku muntu uwo ari we wese azoja i Moscou kwitabira ibi birori.

Yagize ati: "Ntidushobora kubazwa ibibera ku butaka bw'Uburusiya".

Yavuze ko Kremlin ishobora gutegura ibikorwa vy'agasomborotso kuri uwo musi w'intsinzi mu Burusiya mu ntumbero yo kwambika iceyi Ukraine.

Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire agabisha ingabo mvamakungu izo ari zo zose zokwitabira idefire itegekanijwe muri ivyo birori, avuga ko ari "ikintu kidashobora kwihanganirwa" kandi ko ari ugufasha Moscou "kwiyeza ku vyaha vyayo vyo mu ntambara".

Ku Musi w'Intsinzi, Abarusiya bahimbaza intsinzi yabo mu kwibuka umusi Abanazi b'Ubudagi batsindwa bakishikana ku ngabo z'Abasoviyeti mu 1945 mu ntambara ya kabiri y'isi yose.

Mu Burusiya ni umusi w'akaruhuko ukomeye gusumba iyindi yose, mbere Putin abandanya yerekana isano riri hagati y'iyi ntsinzi n'igitero ciwe yatanguje kuri Ukraine.

Amajambo yiwe ariyamirizwa na Kyiv hamwe n'ibihugu vya Bulaya. Ku wa kabiri ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Ukraine bwagize buti: "Aba bantu si abacunguzi b'Ubulaya, ni abantu bateye bigarurira igihugu cacu kandi banakora n'ivyaha vyo mu ntambara".

Ubulaya na Ukraine bihimbaza umusi w'intsinzi kuri uyu wa kane igenekerezo rya 8 Rusama.